
Iris News
June 20, 2025 at 06:24 AM
✝️ Umutohoji wa kahise Émile Mworoha ntakiri mu bazima
Urupfu rwiwe rwabereye i Paris mu gihugu c'Ubufaransa rutangazwa mu masaha y'ijoro ryo ku wa 19/06/2025
👨🏿💼 Mworoha ni nde?
Émile Mworoha yavukiye mu Kayanza mu 1940, akaba yitavye Imana ku myaka 85. Yarize amashure yiwe ayaminuriza mu gihugu c'Ubufaransa aho yanaronkeye impamyabushobozi yo ku rugero rwo hejuru (doctorat) mu vyigwa vy'ubutohoji bwa Kahise (histoire).
Inyuma y'aho, Mworoha yarigishije muri Kaminuza y'Uburundi, mw'ishure nderabigisha ENS,... yongera arandika ibitabo bitandukanye bijanye na kahise ku Burundi no ku karere k'ibiyaga binini.
Mworoha yarabaye no mu mabanga ya poritike. Ni we yabaye Umunyamabanga mukuru wa mbere wa #jrr (Jeunesse Révolutionaire Rwagasore) umuhari w'urwaruka rwegamiye umugambwe Uprona.
Mu kiringo c'imyaka itanu, kuva mu 1982 gushika mu 1987, Mworoha yarabaye Umukuru w'Inama Nshingamateka.
#burundi #kahise #irisnews

😢
2