Iris News
Iris News
June 20, 2025 at 01:16 PM
📢👁️ Asabwa amadorare 25.000 kugira avurwe none arasaba gushigikirwa 👩‍💼 Uwo tuvuga ni Constance Katihabwa, yamenyekanye mu guharanira agateka k'abanyamwema mu Burundi. Nk'uko ingwara y'uruhumyi isanzwe ibangamira abanyamwema, na Katihabwa niko bimeze. Ariko aho bigeze, Constance Katihabwa amaso yiwe arabangamiwe cane kuko atagishobora no gukoresha inyabwonko ordinateur mu gihe arico gikoresho ciwe mu kazi kiwe ka minsi yose 💪🏽 ku myaka 34, Katihabwa azwi nk'umuntu yagaragaje ubutwari budasanzwe mu guharanira agateka k'abanyamwema mu Burundi abicishije mw'ishirahamwe yashinze aryita "Live Together As Family" Ibikorwa yakoze aciye muri iryo shirahamwe vyafashije abagera mu bihumbi haba mu kubaronsa imiti bisiga kugira bakingire urukoba rwabo n'ibikingira amaso, gufasha kugira abana b'abanyamwema bige bongere bavuzwe, gutunganya amahimiriza mu kibano no mu ntwaro n'ibindi. 🏆 Ntivyagarukiye aho, ibikorwa vya Katihabwa vyaramenyekanye no mu makungu aha twovuga nk'agashimwe "Tulipe" yaronkejwe n'ingoma y'Ubu Hollande muri Kigarama 2024 (twarabibabwiye hano ▶️ https://web.facebook.com/share/p/1HWr7ipRg3/), yaraserukiye Uburundi mw'ihuriro "Global Disability Summit 2025" i #berlin mu Budagi no mu nama igira 57 ya ONU yiga ku bijanye n'agateka ka zina muntu. 👋🏾 Uyu munsi rero, Constance Katihabwa nawe arakeneye gufashwa kuko ubuvuzi akeneye hano mu Burundi ntabuhari. Aha rero, akaba akeneye amadorare angana ibihumbi 25 kugira ashike aho yivuriza yongere avurwe. Abumva bogira ico bamufashije ng'ubu buryo mushobora gucamwo mu kumuterera 🌐 Ababicisha ku buhinga bwa none ni hano 👉🏾 GoFundMe: https://gofund.me/cf11a34d 🏦 Kuri banki ni kuri konte 198085-1 iri muri CECM kw'izina rya Constance Katihabwa 📱 No kuri Lumicash nomero ni: 69 66 24 23 yanditswe kuri Constance Katihabwa #burundi #irisnews
Image from Iris News: 📢👁️  Asabwa amadorare 25.000 kugira avurwe none arasaba gushigikirwa...

Comments