FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 15, 2025 at 01:47 PM
https://www.facebook.com/share/p/17z6EMEDes/ Turahojeje umuryango wa Major Marius Nimubona ! Twaraye turonse amakuru ababaje y'urupfu rw'intwazangabo y'Uburundi, Major Marius Nimubona, yagwariye muri RDC, ntiyitwararikwa. Umwe mu basirikare yatwandikiye ko Major Marius Nimubona yafashwe na malaria ari muri RDC. Yaragwaye araremba, ariko ntiyavujwe. Iyo malaria itavuwe kare ishobora kuvamwo "complication" mbi cane bita "insuffisance rénale". Nivyo vyashikiye Major Marius Nimubona. Iyi ntwazangabo yatahanywe mu Burundi ku wagatatu uheze, ageze habi, atagishobora kuvuga. Inyuma y'imisi ibiri, yari acikanye. Major Marius Nimubona yavutse mu 1979, ava muri komine Mabanda mu ntara ya Makamba. Asize umukenyezi n'abana bane bakiri bato. Marius Nimubona yari uwo muri Promotion ya 37 muri ISCAM, yari afise numéro matricule S1555. Turahojeje umuryango wa Major Marius Nimubona. Imana Mushoboravyose iremeshe umuryango muri bino bihe bitoroshe. --------------------------- Urupfu rwa Major Marius Nimubona rwerekana ingene abasirikare b'Uburundi bafashwe nabi iyo barungitswe kugwana muri RDC. Bagira kuba mu ntambara badatahura, bakibwa udufaranga two kubasumira, bakagwara ntibavuzwe, bamwe barapfa bagasangukira mu mashamba imiryango ntibimenyeshwe, uri abagwa muri Tanganyika igisoda kikanuma ntigisigure ivyabaye, uri ugusangira urugamba n'interahamwe, hari gufatirwa ku rugamba igihugu kikakwihakana, n'ibindi vyinshi bitavugwa.
😢 🙏 2

Comments