
FOCODE Magazine
June 15, 2025 at 02:51 PM
https://www.facebook.com/share/p/16RZ4xSQB4/
Gitaza ; Patiri Butoyi Paul yahagaritswe n'iperereza ahejeje gusoma imisa !
Hari umusaseredoti wa Ekleziya Katolika yafatiwe uno musi mu Gitaza, muri komine Muhuta, mu ntara ya Rumonge (mu ndinganizo nshasha Muhuta izoba iri muri Bujumbura).
Patiri Butoyi Paul yafashwe inyuma y'imisa yasomye, aho yaneguye bimwe mu vyaranze amatora, ariko ahamagarira Abarundi bose gukomeza ubumwe. Patiri Butoyi Paul avuga ko ibicanishamwo Abarundi vyose, iyo vyozanana hose, biba binuka nk'umwanda mukuru. Abana b'Imana bakwiriye kwama bavyamirira kure.
Mu kanya gato, ubutumwa bwa Patiri Butoyi Paul bwahanahanywe mu ma groupes WhatsApp y'imbonerakure baburungika banabuhinduye. Ntivyatevye, Patiri Butoyi yaciye ahagarikwa. Muri kino gihe yoba ageze mw'iperereza i Bujumbura.
Tubandanya kubikurikirana.
🙏
😢
👍
👎
10