
FOCODE Magazine
June 16, 2025 at 05:19 AM
https://www.facebook.com/share/p/1XVUjKYtiJ/
Umupolisi Niyonkuru Obed ari hehe ?
Niyonkuru Obed ni umupolisi avuka ku mutumba wa Kirasira, komine Butezi, mu ntara ya Ruyigi. Asanzwe akorera ku bitaro vy'igipolisi, aho benshi bita kuri Chanic, i Bujumbura.
Abiwe bavuga ko ku musi wagatatu uheze (11.6.2025), Niyonkuru Obed yatonze ku kazi nkuko bisanzwe. No ku kazi boba bemeza ko yatonze.
Abiwe bavuga ko batanguye kumubura uwo musi nyene, isaha icenda (15h), inyuma y'umutaga. Bagira bati :
"Ku musi wagatatu w'iyi ndwi iheze, Niyonkuru Obed yaratonze ku kazi nk'uko bisanzwe, mbere yaravuganye n'umukenyezi wiwe, amubwira ko yakehaniwe n'amahera,yongera asaba umukenyezi ko yoba aramuringikira amahera makeya yoba arifashisha imbere y'uko ahembwa. Aho hari isaha zitatu z'igitondo. Umukenyezi wiwe yamwishuye ko aza kuyamuha ku mu goroba avuye mu bikorwa iyo yarari. Mu gihe ca sacenda, umukenyezi yaramurungikiye ayo mahera, araheza aramuhamagara kuri terefone yiwe. Telefone yarasona ariko ntiyitabe Aho hari sacenda z'umuhingamo, sakumi umukenyezi arasubira telefone irasona ntiyitaba, aguma ahamagara hakabura uwitaba,. Mw'ijoro nka sambiri (20h), umukenyezi arasubira arahamagara,yumva irazimije. Guhera ico gihe ntarasubira kumutora ukundi."
Abiwe bararondeye Niyonkuru Obed barabura. Haba aho akorera, haba aho aba mw'ikambi mu Buyenzi, hose barabuze. Nta nkuru y'uyu mupolisi.
Uwomenya ivyashikiye umupolisi Niyonkuru Obed, yotwandikira muri Ndondeza, kuri WhatsApp : +32465651905.
😮
😂
😢
4