
FOCODE Magazine
June 17, 2025 at 05:22 AM
https://www.facebook.com/share/p/14H7GcAnawJ/
🔴 CNDD-FDD yoba itegurira ibiharuro bikomeye Nestor Girukwishaka ?
Hari indongozi muri CNDD-FDD yagumye idusangiza amakuru y'ibiriko birategurwa bijanye n'amatora, na canecane ibijanye n'ubusuma uwo mugambwe wateguye. Kugeza ubu ivyo yaduhaye vyabaye ukuri. Ejo yaraduhaye ubutumwa burimwo amakuru akurikira.
🔴 CNDD-FDD yimirije kubeshera Imana ko ariyo yayifashije KWIBA amatora !
Mu butumwa yaraye aduhaye yatumenyesheje ko CNDD-FDD iriko irategura igikorane co "gushimira Imana" kizobera i Gitega, kizomara imisi itatu kuva ku wakane gushika ku wagatandatu w'uku kwezi. Ni ukuvuga ko bwa busuma bw'akataraboneka, ba bantu bise bategekwa gutora inkona ku nguvu, abasanzwe baratorewe batabizi, abasanze Imbonerakure mu kazu k'ubwiherero, vya bikarata vyarundwa mu masandugu y'itora, za mbonerakure zisubiriza gutora incuro nyinshi, bwa bubeshi bwo gusoma amakarata yose ngo ni CNDD-FDD, n'ibindi vyose vy'akamaramaza, ubu vyose bigiye kwitirirwa "Imana" ! Ni akambaro k'ibara.
🔴Hariko harategurwa ibihano bikomeye kuri Nestor Girukwishaka.
Mu majambo yiwe, uwaduhaye amakuru yanditse ati :
"Nestor Girukwishaka, nk'uko mwabivuze, agiye kuja mu bihano.
Kuberako yagiye mu matora yaronse briefing, agezeyo, akihindukiza, yafatiwe ibihano mu buryo bwose, nk'uko Pasteur Habimana yafatiwe ibihano agasigara agendera muri bus. Ubutunzi bwose Nestor Girukwishaka afise CNDD-FDD irabuzi, none igiye kubumwaka."
CNDD-FDD irashavuriye cane Nestor Girukwishaka kubona yaramuhaye umugambwe CNL, bagakorana ibijanye no kwigizayo Agathon Rwasa, ariko akaba ariwe afata iya mbere mu kwiyamiriza ubusuma bwaranze amatora aherutse. Mu bihano ategurirwa hoba harimwo kumukenesha bikomeye.
🔴 Hari imigambwe yemererwe ibiti bikeya kugira inume !
Uwaduhaye amakuru yatubwiye imigambwe ibiri yahindukije amatangazo yayo, ubu iriko ivuga ko amatora yagenze neza cane kubera ibiti bibiri nyene iyo migambwe yemerewe.
Ntidushimye kwandika amazina y'iyo migambwe.
🔴 UPRONA bizogenda gute ?
Mu majambo yiwe, uwaduhaye amakuru yanditse ati :
"UPRONA yaramaze kwitwara, muri Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro. Ibiganiro vyo mw'ibanga biriko biraba.
Igishoboka, ni kwongeramwo nk'umushingamateka umwe canke babiri ba UPRONA, canke UPRONA bakaraba ibindi biti bayiha."
🔴 Ubutumwa bw'uyu muntu burafise aho buhuriye n'ikiganiro Prezida Ndayishimiye yatanze ku wagatandatu (14.6.2025). Evariste Ndayishimiye yasavye abavuga ko bibwe mu matora ko bomwandikira bakamwereka aho ubusuma bwabereye, ngo azotuma anabitohoza... Yaremeye kandi ko abatatowe azobaha ayandi mabanga.
Amategeko nta na hamwe avuga ko uwutemeye ivyashikirijwe na CENI yitwara ku mukuru w'igihugu. Iki ni ikimenyetso kitabesha ko CENI itagira ubwigenge na butoya. Tubibutse ko imisi ibiri imbere y'uko CENI itangaza ivyavuye mu matora, Reveriyano Ndikuriyo atwara CNDD-FDD nawe yari yamaze gukora ikiganiro atangaza intsinzi ya CNDD-FDD ku rugero rurenza 90%, akanavuga ivyavuye mu ntara zimwezimwe. Hano birumvikana abafata ingingo abaribo, Prosper Ntahorwamiye agasinya gusa !
🔴 Nuko, iyo ibisuma bivuye kwiba, biricara hamwe, ukumva bishima "Imana" ngo yabifashije... Ikibazo ni ukumenya "imana" ibisuma bivuga iyariyo !
😂
🙏
7