FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 17, 2025 at 07:14 AM
https://www.facebook.com/share/v/1DULy8Pe2d/ #igitoro : Umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yashatse kubwira iki Abarundi ? Ku wa gatanu uheze (13.6.2025), mu kiganiro Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca yatanze ari kumwe na Leta yiwe, mu ntara ya Cibitoke, harasubiriye kubazwa ikibazo c'ikena ry'igitoro. Inyishu umushikiranganji Ibrahim Uwizeye yatanze yuzuye igipfungu, mbere isa n'ukurementanya : 1. Ubwambere Ibrahim Uwizeye avuga ko dufise igitoro cinshi hanze, ariko ko ikibazo ari abakizana bazana dukeduke ! Aho hanze kiri ni hehe ? Mbega bozana dukeduke ariko bakaguma baza, nticohava kigwira ? Bigenda gute ngo hace amezi n'utwo duke tutaje ? Mbega uwambere abikoze nabi, ntihoboneka uwundi abizana ? Ko bigeze kutubwira ngo bazohiora bagicisha muri Tanganyika, vyahereye hehe ? 2. Kuyagira Abarundi ko ufise ibinogo bijamwo amalitiro imiliyoni 60 bimaze iki mu gihe ata gitoro babona ? 3. Ubu naho hadutse ngo ibihano kubera Abarundi bavuga ibitagira ifatiro ! None ko muri myandagaro 2022 Prezida Ndayishimiye yari yatubwiye ko ibitoro avyifatiye mu ntoke, ko ata bitoro bizosubira kubura, hoba hafi ibihano bishasha vyafashwe inyuma ya 2022 ? 4. Ibrahim arangiza avuga ko ibitoro bizoboneka neza n'iyo abarundi bakura amaboko mu mpuzu bakaronka ivyo bashora hanze ! 🔴 Mu ncamake dufate iki muri bino bintu ? Igitoro koko kiriho canke nta kiriho ? Habuze abakizana koko, canke habuze amahera yo kukigura ? Abarundi bazeruke, bafate ko kizoboneka bamaze gukura amaboko mu mpuzu ? Mushikiranganji, muri iyi nzingunzingu, watubwiye iki koko ? 📷 Ireresi ya Iris News
😂 😭 🦶 3

Comments