
FOCODE Magazine
June 17, 2025 at 12:53 PM
https://www.facebook.com/share/v/195faXn4wy/
🔴 "Abaperezida babaye benshi."
Mwumve ikibazo gihanze Martino Niteretse !
Umushikiranganji Martin Niteretse arababazwa cane no kubona mu Burundi hariho abantu benshi bitwa ba "Prezida". Martino Niteretse ntatahura ingene hariho umukuru w'ishirahamwe, umukuru w'umugambwe, Umukuru w'Inama Nshingamateka, Umukuru w'Inama Nkenguzamateka, umukuru w'umurwi kanaka. Ku bwa Martino Niteretse, "prezida" canke "umukuru" akwiye kuba umwe rudende mu Burundi, abandi bagahabwa ayandi mazina.
🔴 Ingorane y'igifaransa ?
Imwe mu ngorane Martino Niteretse afise ni ukuvanga indimi. Mu bisanzwe tuvuze umukuru w'umurwi kanaka nta kibazo biteye. Ijambo "Prezida" niryo ritera ikibazo Martin Niteretse. Prezida rivuye muri "Président", kumbure ivyo mu gifaransa Niteretse yumva bikaze cane. Mu kirundi tuvuze "umukuru w'umutumba", nta ngorane n'imwe biduteye, kandi ntitwoshobora kumwitiranya n'Umukuru w'igihugu.
Ni nkuko ijambo "président" ata ngorane ritera abafaransa. Bavuze "président d'un club" ntaho bihuriye na "Président de la République".
🔴 Prezida aratandukanye n'Umwami !
Ingorane nyamukuru ya Martin Niteretse ni iyo gutandukanya Prezida n'Umwami. Umwami niwe yari igitangaza mu gihugu, ntiyavuka nk'abandi, yashirwaho n'Imana, yari nyenigihugu, ntiyangana n'abandi bantu, kuva akivuka ntiyari uwusanzwe, abamukokako ntibari basanzwe, Umwami yari umwe mu gihugu koko.
Igihe abafaransa bikurako Umwami, bashinze ko Igihugu ari ic'abanyagihugu,nabo ko batora umwe muri bo akabarongora, kandi bakagumana ububasha bwo kumukurikirana no kumukura. Prezida ni umunyagihugu nk'abandi, gusa ahabwa iteka n'ibanga ryo guhagararira igihugu ca twese.
🔴 Ikiringo kiraheze, ni akanya ko kwisabira...
Amajambo ya Martin Niteretse ajanye no kwikundwakaza no kwisabira. Ntazi iyo buca bamushira nihashingwa Leta nshasha. Bisa no kubwira Evariste Ndayishimiye ngo : "Prezida ntunte, jewe nemeza ko udasanzwe. Nivyakenerwa ko tugusenga, jewe nzobikora. Nzamamaza ko atawe mungana mw'isi y'abazima. Ndatakamvye ungumize hafi, ntaco ntazogukorera !"
Ahubwo hako Martino Niteretse afuta ijambo risanzwe rikoreshwa na bose, narondere irindi rishasha twokwita Prezida Ndayishimiye, ku buryo azoba yisa. Nkurunziza yarangije yatoye kuba "Imboneza Yamaho", naho "kwamaho ari ukw'Imana gusa". Martino Niteretse nakoreshe ubwenge bwose afise aronke ipete ryoza risumba "Imboneza Yamaho", maze aritoze muri ya Nama Nshingamateka izoba igizwe na ba Shabani Nimubona canke Visenti Ndagijimana atazi no gusoma izina ryiwe. Maze nihagira uwuvyanka, batume Shabani amushire aho yashize indiri z'abandi Barundi...
-----------------------------
🔴 Musomyi, hari iciyumviro woterera Martino Niteretse kw'izina ry'ubukuru boha Evariste Ndayishimiye, maze akaba umwe rudende atawe basa, aho kumwita Prezida ?
📸 Ireresi ya Iris News.
😂
🙏
👍
😢
😮
19