FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 18, 2025 at 05:21 AM
https://www.facebook.com/share/p/1Z5NJLVYZr/ 🔴 #amatora Bamwe mu bazoba mu Nama Nshingamateka igiye kujaho. Inyuma y'inkanimico y'amatora yo ku wa 05.6.2025, Inama Nshingamateka izoba igizwe n'abashingamateka bava mu mugambwe umwe rudende, CNDD-FDD. Nkuko twaheruka kubibabwira, Inama Nshingamateka imeze gutyo yabayeho rimwe rudende mu mateka y'Uburundi, kuva mu 1982 gushika mu 1987, ku ntwaro y'umugambwe umwe UPRONA. Ivyo tuzobigarukako mu zindi nkuru. Muri ino nkuru turagaruka kuri bamwe mu bazoba bagize Inama Nshingamateka nshasha. Benshi mu bashingamateka bashasha si abantu bari basanzwe bazwi. Tugaruke kuri bakebake bazwi. 🔴 Ingoro y'Inama Nshingamateka mu Kigobe igiye kuba ingoro nkuru y'umugambwe CNDD-FDD ! Uko niko bamwe bavuze bamaze kwumva ko abashingamateka bose bazoba ari abanywanyi ba CNDD-FDD. Ntibarira busema. Kuko umurwi wa mbere w'abo CNDD-FDD yatoje ni abasanzwe bayitwara ku rwego rw'igihugu : 1. Mu bagize Conseil des Sages ya CNDD-FDD, Gélase Daniel Ndabirabe na Zénon Ndaruvukanye nibo batowe mu Nama Nshingamateka, abandi bazoja mu Nama Nkenguzamateka. Zénon Ndaruvukanye ashobora no kuba ariwe Mushingamateka amaze kugira ibiringo vyinshi mu Nama Nshingamateka y'Uburundi. Ntawuzi ko Gélase Ndabirabe nawe ariwe azobandanya kurongora Inama Nshingamateka. Ico bikoze, iyiheruka yayitwaye nabi cane, ni kenshi Abarundi bamwumviriza bumirwa n'amajambo yamuca mu kanwa. Gélase Ndabirabe azwi nk'umuntu aterekwa ibijanye n'agateka ka zina muntu, ntiyerekwa ibivuga umwidegemvyo w'abarundi, akunda igikenye, avugwako urwanko, ntiyerekwa imigambwe yindi, yemeza ko ifaranga ry'Uburundi rikomeye cane, ntiyemera ko hariho ubukene bw'igitoro, ... 2. Abanyamabanga ba CNDD-FDD ku rwego rw'igihugu (secrétaires nationaux) nka bose bazoba abashingamateka : Martin Nivyabandi, Dénis Karera, Jean-Marie Muhirwa, Doriane Munezero, ... 3. Abagiye bararongora Imbonerakure ku rwego rw'igihugu bazohurira mu Nama Nshingamateka : Ezéchiel Nibigira, Dénis Karera na Éric Nshimirimana. Habuzemwo uwabatanguriye bose, Major Jean-Petit Nduwimana, yagandaguwe n'iperereza rya Prezida Nkurunziza muri 2013. 🔴 Hari abategetsi bake cane bazoba abashingamateka. 1. Abashikiranganji batatu gusa (Martin Niteretse, Alain Tribert Mutabazi na Gervais Abayeho) nibo bagiye kuba abashingamateka. Muri Buhumuza, Ibrahim Uwizeye nawe nyene ahagaze neza, hagize umushingamateka w'umututsi ahabwa ayandi mabanga, Uwizeye azoca yinjira mu Nama Nshingamateka. 2. Ba buramatari babiri gusa nibo bahawe intebe mu Nama Nshingamateka : Général-Major Léonidas Ndaruzaniye w'i Ngozi na Venant Manirambona w'i Gitega. Léonidas Ndaruzaniye aranuganugwa mbere ko ariwe ashobora kurongora Inama Nshingamateka canke akazohabwa umugambwe CNDD-FDD. Léonidas Ndaruzaniye ni somambike wa Evariste Ndayishimiye. Uwundi muburamatari ashobora kuzoshikirwa ni Tantine Ncutinamagara w'i Makamba. Ahagaze neza ku buryo hagize umushingamateka w'umuhutu muri Burunga ahabwa amabanga yandi, Tantine Ncutinamagara yoca yonjira mu Nama Nshingamateka. 3. Abashikiranganji bane bahoze muri Leta ya Prezida Nkurunziza bazobamwo : Ezéchiel Nibigira, Côme Manirakiza, Martin Nivyabandi na Jean-Marie Nibirantije. 4. Saidi Djuma yahoze ari umukuru w'igisagara ca Bujumbura agiye kuba umushingamateka, inyuma y'imyaka hafi 10 asa n'uwibagiwe. 5. Jean Ciza yatwaye ibanki nkuru BRB , mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza nawe nyene agiye kuba umushingamateka. 6. Mu bahora bakomeye mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka zahahora, batatu nibo baboneka mu Nama Nshingamateka nshasha : Gélase Daniel Ndabirabe, Denise Ndadaye na Olivier Suguru. 🔴 Bamwe mu bavuzwe mu vyaha bikomeye vyo gusesa amaraso bagiye kwitwa bashingamateka. Muri rusangi, uwatwaye wese urwego rw'imboberakure afatwa ko aba abazwa amabi yakozwe n'imboberakure mu kiringo yari umukuru wazo. Ariko rero muri bo, harimwo bamwe, ku giti cabo, bavuzwe mu mabi akomeye cane. Shabani Nimubona yari amaze imyaka itari mike arongoye Imbonerakure mu ntara ya Muyinga. Kuva muri 2021 yaranagizwe uwujejwe iperereza mu mugambwe, muri iyo ntara nyene, inyuma naho ahabwa kurongora Imbonerakure mu ntara nshasha ya Buhumuza (Cankuzo, Ruyigi na Muyinga). Amabi Shabani Nimubona amaze kuvugwamwo biragoye kuyadondagura. Kuva havugwa ubwicanyi bwakorewe aba FNL b'i Muyinga batawe mu Ruvubu muri 2006, kugeza kw'inyuruzwa ry'abantu batari bake muri 2024, Shabani Nimubona yagumye avugwa iyo myaka yose. Ariko ntiyigeze abibazwa. Nta nkeka ko mu Nama Nshingamateka agiye guhagararira ukudahana ivyaha bijanye n'ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu mu Burundi ! Ezéchiel Nibigira akirongoye Imbonerakure yaravuzwe mu mabi menshi. Niwe yatanguje ico bise Opération Aigle Éveillé muri za 2008-2010 yari itumbereye guhindura aba FNL bakaba Imbonerakure, canecane muri Bujumbura rural. Abatavyemeye barashobora kugirirwa nabi, abemeye nabo bahawe inkoho zo guhiga abo bahoranye. Izina rya Ezéchiel Nibigira ryaranavuzwe muri dosiye y'urupfu rwa Ernest Manirumva, hari imodoka zo muri douane (yatwarwa na Nibigira) zarakoreshejwe mw'igandagurwa rya Manirumva. Vénérande Nahimana yaravuzwe mw'inyuruzwa n'iburwa irengero ry'umwogeme Corinne Nizigama muri nzero 2024. Vénérande Nahimana ntiyigeze abazwa n'ubutungane, none ubu agiye kuba umushingamateka. 🔴 Hari n'abavuzwe mu vyaha bikomeye vy'ubutunzi... Côme Manirakiza niwe abitse ibanga ry'abivye imiliyaridi 54 zari kwubaka urugomero rwa Mpanda. Prezida Ndayishimiye niwe yashize ahabona iyo dosiye muri gitugutu 2021, aranemera ko mu ndwi zibiri abakoze iryo bara bazokurikiranwa. Vyahereye aho nyene, nta n'umwe yakurikiranywe. Côme Manirakiza yari umushikiranganji ajejwe ubutare n'amasoko ntanganguvu mu kiringo ca gatatu ca Nkurunziza, aho ayo mafaranga yibwa. Ntarigera abazwa uko vyagenze. Jean Ciza nawe yagirizwa kwica ubutunzi bw'Uburundi. Mu gihe yari arongoye BRB niho Nkurunziza yafyatuza amamiliyaridi y'amafaranga aca ayagaburira bamwe mu ba jenerali bamufasha guhonyora abarundi. Ivyo bifaranga bitagira uko bingana biri mu vyatumye ifaranga ry'Uburundi rita agaciro. Ni vya bifaranga Prezida Ndayishimiye yashaka kugira ibipapauro ariko arananirwa ! Jean Ciza arazi abantu bose bagiye barahabwa ico bise "refinancement" ariko vyose bihinduka ubundi busuma bukomeye. Ikiringo ciwe cabayemwo amafuti menshi Abarundi bazishura igihe kirekire. None ubu niwe agiye gucungera ingene Leta ikora ! Visenti Ndagijimana yagiye aravugwa muvyo kwiba ubutare mu ntara ya Kayanza, ubu nawe nyene arinjiye mu Nama Nshingamateka. Uyu avugwa ko akoresha amafaranga akura mu butare akagura abategetsi bose mu Kayanza ku buryo atawashobora kumwitwarira, nkuko nawe yapfungisha uwo ashatse wese. Vincent Ndagijimana avugwa ko atigeze ahonyora mw'ishure, ko yoba atazi no gusoma izina ryiwe. Ubu niwe agiye kutwigira amategeko ! 🔴 Musaza wa Angeline Ndayishimiye arinjiye mu Nama Nshingamateka ! Umwe mu bashingamateka bazoba badasanzwe ni Valence Kaneza, musaza wa Angeline Ndayishimiye. Uyu abamuzi bavuga ko amaze igihe gito arangije amashure yiwe kuri ECOTEC i Bujumbura. Muvyo yakora, avugwa ko afise ikirabo yakurikirana muri quartier Mirango mu Kamenge. Aravugwa kandi ko yari afise ububasha bwo kwinjiza mu gihugu inzoga za Heineken zirezire be n'inzoga y'abashinwa bita Tsingtao. Bamwe mu badandaza izo nzoga bavuga ko zoba zinjira mu gihugu ata kori zirishe. Valence Kaneza yavutse mu 1992, agiye kuba ijisho rikomeye rya Angeline Ndayishimiye mu Nama Nshingamateka. 🔴 Ntitworangiza tutavuze kuri Louis Kamwenubusa nawe nyene agiye kwinjira mu Nama Nshingamateka. Uyu yari mu batanguje Radio RPA hamwe na Alexis Sinduhije, ni umwe mu bamenyeshamakuru bakomeye. Mu nyuma yaherewe n'iperereza kugira asambure RPA, vyanse aca aja kuba mu ndongozi za Radio Rema FM, maze yinjira mu makuru y'irementanya. Louis Kamwenubusa azwi nk'umwe mu bagumye bakoreshwa n'iperereza mu bikorwa vyo kugwanya no kuneka abatavuga rumwe n'ubutegetsi bwa CNDD-FDD. 🔴 Koko bano bantu nibo bagiye guserukira inyungu z'umunyagihugu ? Twizere ko uwahora anyuruza Abarundi yoba ariwe agiye kuvugira inzirakarengane n'impahazwa ? Twizere ko uwariye imiliyaridi 54 zo kwubaka urugomero rwa Mpanda ariwe azovugira abiyunguruza n'amaguru kubera kubura igitoro ? Twizere ko uwafyatuye amamiliyaridi ibihumbi vyo kugura ba jenerali ariwe azogwanya ubusuma muri Leta ? Twizere ko uwarementanirije abatavuga rumwe n'ubutegetsi ariwe azohindukira akavugira impunzi z'abarundi ngo zitahe ? Twizere ko abagiye barazezwa Imbonerakure aribo bazorondera amategeko yubahiriza abari mu migambwe yose ? Twizere ko abagize conseil des Sages ya CNDD-FDD n'abo secrétaires nationaux ba CNDD-FDD aribo bazotegura amategeko meza agenga amatora azokurikira ? Twizere ko Valence Kaneza ariwe azogira mushikiwe ati : "oya mama gezaho, urarengeje urugero, ihanure !"
👍 🙏 ❤️ 😂 👏 😢 🤦‍♂️ 15

Comments