
FOCODE Magazine
June 18, 2025 at 02:18 PM
https://www.facebook.com/share/p/1ZzymcpSCU/
🔴 #iconabonye : "Ntugatinye ico wahamagariwe, ubuzima butangwa n'Imana".
Kuri uno musi, ndakwije imyaka 49 y'amavuka. Kuva muri 2009, mbayeho nzi ko nshobora kwicwa buri musi, maze imyaka 16 hariho intwaro irondera kunyica. Nta buhinga budasanzwe nakoresheje kugira mbe nkiriho, Imana niyo yonyene yashimye ko mbandanya kubaho, kugeza ku musi yashinze ko nzotahirako.
Kuri uno musi, ndipfuza kubasangiza bimwe mu bihe bitoroshe naciyemwo, mu ntumbero yo gutera intege uwundi wese yoba afise umuhamagaro wo gufasha abandi ariko agatinya kwicwa. Nkuko maze igihe ndabikora ku musi nk'uyu, ndaza kubasaba ko dufasha umuntu agowe.
🔴 Bimwe mu bihe nahatswe kwicwamwo
Muri 2009, kubera nari Campagne Justice pour Ernest Manirumva, naramaze amezi abiri nkurikiranwa n'abakozi b'iperereza aho naca hose. Ico gihe nta n'ivyo namenye, nabibwiwe n'umwe mu bategetsi, inyuma y'umwaka bibaye. Muri munyonyo uwo mwaka nyene, ingingo yo kunyica yarafashwe, inyuma y'ijambo navugiye mu Kayanza, turiko dushingura Salvator Sabiriho yari yishwe n'abapolisi kw'itegeko rya buramatari Senel Nduwimana yashaka kumunyaga inzu. Imva yanje yari yamaze kwimbwa mu gashamba kari amaja inyuma ya Cathédrale Regina Mundi. Umukozi w'iperereza yarambwiye ngo aje kunyereka iyo mva, ndabitinya. Uyu mukozi w'iperereza yari yamburiye uko ivyo kunyica vyose vyapanzwe, nariboneye n'amaso yanje abari barungitswe gucunga aho naba mu Nyakabiga, ndanabacako baranyoberwa. Ico gihe, narahunze gato ikiringo c'ukwezi, ishirahamwe FORSC nari ndongoye rirafutwa n'umushikiranganji Edouard Nduwimana, ariko amakungu arashira igitsure kuri Leta, turasubira turemererwa gukora.
Muri munyonyo 2013, umusi Général Bunyoni na Général Adolphe Nshimirimana bakurwa mu mabanga, harateguwe ko nicwa iryo joro nyene, hakoreshejwe abo bita ba Rukoti, bari gutera imihana twari tubangikanywe kw'i Jabe. Umwe mu bategetsi bateguye kunyica yaraburiye igihugu co hanze, kiraheza kiramburira. Uwo musi naraye nsohotse igihugu, maze ababanyi banje nabo baba barakize, kuko nabo nyene bari kuhasigara muri ico gitero.
Mu ntango za 2015, hari igihugu nahatswe kwicirwamwo, Imana irakinga. Uko vyagenze, ntiharagera ko ndabivuga.
Kuva ku wa 26.4.2015, itegeko ryo kumfata no kunyica ryaratanzwe, umugambi wavuga ko ari uguta ikiziga canje aho abari mu myiyerakano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza bari kubona neza ingene nishwe nabi. Hari umushikiranganji wa Nkurunziza yandungikiye ingene umugambi wose wari wubatse. Colonel Bertin Gahungu (yari DDI, ubu ni Général de brigade) yagendana umutahe wo kumfata. Ariko, mu gatondo ko ku wa 26.4.2015, mu gihe nariko mvugira muri RPA, yarahaje hanyuma aragenda, aza kugaruka ndahavuye. Kuva ubwo nta mutegetsi yigeze asubira kumbona.
Muri rusama 2015, iperereza ryarakoresheje rwose umwe mu barongoye amashirahamwe ya société civile ngo arifashe gutora aho ndi. Ntaco atakoze. Kenshi yasaba amanama ngo duhure tuvugane aho imyiyerekano aho igeze, kandi we atayo yari ashigikiye. Twarihuriye, ndamwibonera arongoye umurongo w'abapolisi bari kumfatira ku ngoro ya FRODEBU-Nyakuri, ahari hatumweko inama y'indongozi ziyamirije ikiringo ca gatatu. Naratevye gushika, inama barahava barayiheba, natebejwe na rya kete rya wa Mushikiranganji yariko aramburira. Uwo muntu twahuye ndi mu modoka, aranakebwa ko ari jewe ariko ntiyambona neza. Ivyo nabonye uwo musi ni agatangaza. Mu nyuma, yararungitswe hanze kundondera, abiwe baramburira.
Ibanga ry'umusi nasohokeyeko Igihugu, ntiharagera ko ndarivuga. Nawo wari umusi utoroshe.
Ngeze mu mahanga, haramaze kugeragezwa vyinshi vyo kunyaka ubuzima. Hari abahawe amasumu ngo banzanire, vuba narababwiye abarungitswe na Général Christophe Manirambona batazira Wakenya kundasa. N'ibindi ntodondagura ngo mpeze.
🔴 Ntutinye...
Ntuze ukangwe n'abavuga ko bashoboye kukwica, uramenya kwiyubara gusa, hama Imana ikore igikorwa cayo.
Ni kenshi natabawe n'abari bajejwe kunyica. Ico nico kintu nabonye gitangaje rwose. Mperutse kuronka intahe y'ingene Général Adolphe Nshimirimana yatutswe kenshi ngo ntivyumvikana ingene nkiri muzima kandi ariwe arongoye iperereza. Nshimirimana yabishura ngo barindire arabe igihe ciza. Gutyo mba ndaramvye. Umwe mu bari bakobeje kurondera ko mpfa, nanje namwishuye kumutabariza igihe urupfu rwiwe rwari rugeze. Aho ari aremeza uyu musi ko ubutumwa natanze bwamufashije cane.
Naratabawe n'abakuru bari bajejwe iperereza mu bisata bitandukanye, naratabawe n'umushikiranganji yari muri Leta yashaka kunyica, naratabawe n'abarungitswe kunyica bakabesha ko bambuze kandi nari muhira, naranyegejwe n'abantu ataho twari tuzinanye, narakorewe ibitangaje vyinshi. Bamwe mu bafashe ingingo zo kunyica ubu baramaze gupfa, abandi barapfunzwe, hari n'abasigaye ari impunzi nkanje.
Ndashimiye Imana yakoze ivyo vyose. Ndashimiye uwo wese, yaba uwo namenye canke uwo ntamenye, afise ico yakoze ngo mbe nkiriho uno musi. Imana imumpezagirire.
Ndabona muri kino guhe abahawe igikorwa co kuntuka no kunyambika ibara. Abo nukuri ntaco bantwaye, nibabandanye umurimo wabo. Ico natahuye nuko birya nyene mubona bakora bizovyara ikindi ciza batashobora no kwibaza. Hari ababitumwe mu myaka iheze, ubu bahindutse abagenzi banje banamfasha gutabariza abandi.
Mugenzi ufise umuhamagaro wo gutabara abandi, ndaguteye intege. Imisi yawe yo kubaho izwi n'Imana gusa. Iciza Imana yagushizemwo niyo nyene izogikingira, mu buryo udashobora kwibaza. Hari umuririmvyi nkunda avuga ngo : "Imana ikija kundema ntawo yabanje kubaza, yabikoze uko ubishaka, uko yari yaragambirije. Imisi yo kubaho kwawe Imana iyifise mu kiganza..." Humura nawe mugenzi, komeza ibanga ryawe, ntutirimutswe n'abaguca intege !
--------------------
🔴 Dushigikire Béatrice Nduwimana
Hari abantu nigiyeko umugenzo mwiza. Umusi w'ivuka ryanje (anniversaire) ndawuhimbaza mu kurondera imfashanyo y'umuntu agowe. Mugenzi, ukaba wumva womfasha guhimbaza uyu musi, nimba umbonye woshobora kungurira icupa, ndagusavye turihe Béatrice Nduwimana.
Nduwimana Béatrice ni umuvyeyi w'imyaka 34, afise utwana dutatu areze wenyene. Yavukiye i Gitamo, komine Ruhororo, mu ntara ya Ngozi. Imbere y'uko agira isanganya, Béatrice Nduwimana yaba mu Gaharawe, zone Gatumba, komine Mutimbuzi, intara ya Bujumbura (rural).
Muri myandagaro 2024, Béatrice yagize isanganya, agongwa n'ipikipiki, imuta ngaho yataye ubwenge. Kw'igenekerezo rya 14.8.2024, Béatrice yinjiye ibitaro, Hôpital Baho iri mu Kajaga (hafi ya Van Beach kwa Ndekatubane). Yarabazwe incuro zitatu. Kw'igenekerezo rya 18.9.2024 niho yandikiwe ko ashobora gusohoka ibitaro, abanje kuriha fagitire ya 13.287.500 Fbu (hafi imiliyoni 14). Ayo mafaranga ntayo yashobora kuronka, aca aguma mu bitaro. Ibintu vyarakomeye, n'abari bamurabiye abana barabazana kubamutera mu bitaro. Ariko ubu yarasubiriye kuronka umugiraneza aba arabaravye.
Béatrice Nduwimana amaze amezi amezi icenda apfungiwe mu bitaro. Fagitire yagumye iduga, ubu igeze kuri 17.750.000 Fbu. Béatrice Nduwimana avuga ko abaja kumuraba bakamugirira akangongwe bamaze kumuterera imiliyoni zibiri. Aracekeneye imiliyoni 15. Azonakenera ingene abandanya kubaho.
🔴 Uwokenera gufasha Béatrice Nduwimana yoca hehe ?
1. Lumicash ya Béatrice Nduwimana : 68246037 (yanditswe ku muvyeyi wiwe Nzeyimana Sylvestre).
2. Code agent Lumicash : 100384 (Jackson Baramburiye).
Compte COOPEC : 57050 (yanditswe kuri Nduwimana Béatrice).
Abipfuza kuvugana n'uwutwara ibitaro Hôpital Baho mu ntumbero yo gufasha Béatrice Nduwimana, bonyandikira nkabaha WhatsApp yiwe.
Abari hanze vyogora ingene bafasha Béatrice Nduwimana bonyandikira kuri WhatsApp +32465651905.
Aborunkiga baciye kuri code agent, nabo nyene boza baramfotorera bakabindungikira kugira tubikurikirane neza, canke bagahamagara Béatrice Nduwimana.
🔴 Nuko bakunzi, mumfashe guhimbaza iyi sabukuru, mu gushigikira mushiki wacu atorohewe. Muri commentaires ndabasangiza amafoto y'uwo dufasha. Ababishoboye bonamusanga aho kuri Hôpital Baho bakamuremesha.
Murakoze bavukanyi.
❤️
🙏
❤
👍
😢
👆
💔
😮
🤔
34