FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 19, 2025 at 06:31 AM
https://www.facebook.com/share/1AH7SgAQvD/ 🔴 Lycée d'Excellente Musinzira : kirazira ko umwana wa Musitanteri ayoberwa ! Musitanteri wa Komine Bugabira mu ntara ya Kirundo, Eric Twizerimana, arabangamiye abarezi bo kuri Lycée d'excellence Musinzira, mu ntara ya Gitega. Ashaka gutegeka ko umwana wiwe, Boniface Twizerimana, amenya ku nguvu. Abigisha baratabaza umushikiranganji François Havyarimana. Umwe mu barezi bo kuri iryo shure yatwandikiye ati : "Ndi umwigisha wo kuri Lycée d'Excellence de Musinzira. Twebwe hari ikibazo dufise mwotuvugira. Hari umunyeshure wo mu myaka iheza twakozeko délibération arayoberwa. Ariko kubera yitwaza igitugu ca se, uyo munyeshure yarasne kwemera ko ayoberwa. Aho amanota yakuwe mu ndero baza bayafuse ngo barabe ko yoshikana amanota 57 % barabirako muri Excellence kugira umuntu amenye. Ubwambere yarafise 54%, none kubera inguvu, se wiwe ni musitanteri wa Komine Bugabira mu Kirundo, amanota amwamwe y'indero barayafuse, hari n'umwigisha bariko batera ubwoba kugira ngo bikunde échec iveyo ! Mwotuvugira ntivyobura ico bifasha, nay'ahandi indero kw'ishure ry'akarorero rya Musinzira yapfuye. Uwo munyeshure nyene niwe yarongoye abandi mu gutera amabuye umu encadreuse umusi bagira birya birori bagira basezerana. Aho bazanye n'amazi yuzuye indobo ngo bamusukeko, iyo hataba umukozi wo mu gikoni, ibara ryaragwa. Se wumuhungu yitwa Twizerimana Éric, ubu niwe ariko arakoresha igitugu ngo umwana wiwe yitwa Twizerimana Bonfils amenye kandi ata manota akwiye afise. Tumaze gutumwako incuro zibiri, jury ikorana tugasanga amanota ataho yova . Uyu musi turakorana ubwa gatatu. Biboneka ko kuzoba ari ukudutegeka kugira dusinye ko amenya ku nguvu. Turasavye buno butumwa bushikire umushikiranganji ajejwe indero, kumbure we yoshobora kutwubahiriza, tugakurwako ico gitsure. Abana bose bategerezwa gufatwa co kimwe, tutaravye ngo uyu ni uwa naka !" Abashikira umushikiranganji François Havyarimana, bamuhe buno butumwa, imbere y'uko aba bigisha bakorana isaha zine muri kino gitondo. 🔴 Menya neza : Urubuga Ijisho ry'umunyagihugu rutanga ubutumwa bw'abanyagihugu uko babutanze nyene, uwufise iciyumviro kidasa n'ikivuzwe nawe nyene turamwakira akabeshuza. Uru rubuga ni akaryo gahawe abanyagihugu bumva badafise aho bavugira. https://www.facebook.com/100079152234998/posts/698785676103167/
😂 🙏 ❤️ 👍 😮 7

Comments