
FOCODE Magazine
June 19, 2025 at 07:58 AM
https://www.facebook.com/share/p/1AdVnpjZDP/
Inkuru y'umubabaro : Ikiziga c'umupolisi Niyonkuru Obed caraye gitowe ku bitaro Prince Régent Charles !
Mu ntango y'iyi ndwi, twaratabarije umupolisi Niyonkuru Obed, asanzwe akora ku bitaro vy'igipolisi, aho bita kuri Chanic i Bujumbura. Abiwe bari bamuherutse yatonze ku kazi ku musi wa gatatu w'indwi iheze (11.6.2025). Ari ku kazi, Obed yaranasavye umukenyezi wiwe ko yomurungikira amafaranga. Umukenyezi yarabikoze inyuma y'umutaga, ariko ntiyigeze asubira kumutora. Inyuma yaho abiwe baramubuze rwose. None, ejo haheze (18.6.2025), ikiziga ca Obed Niyonkuru catowe mu buruhukiro bw'ibitaro Prince Régent Charles i Bujumbura.
Umwe mu muryango yatwandikiye n'ijoro ati :
"Mutama, ku bijanye n'izimira rya Obedi, n'ubwo mwabitangaje hakabura n'umwe atanga inkuru, abenshi barabonye itangazo, n'abamuzi barabibonye, ariko ntawavuze ivyiwe, kandi harimwo n'abazi iyo yagiye.
Uyu musi ku wagatatu, isaha indwi z'umurango, niho twatoye ikiziga ciwe muri morgue kuri hôpital Prince Régent Charles."
None ga yemwe, ico kiziga cashitse ngaho gute ? Cahashikanywe ryari ? Cazanywe na nde ? Cakuwe hehe ?
Uwogira ico amenye ku cishe umupolisi Niyonkuru Obed, yotwandikira kuri WhatsApp +32465651905.
Turahojeje umuryango w'umuhisi Obed Niyonkuru. Imana iwube hafi muri bino bihe bitoroshe.
https://m.facebook.com/story.php?story_fbid=1269296811233276&id=100044589066824
😢
5