FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 19, 2025 at 12:30 PM
https://www.facebook.com/share/1952jdmzDT/ 🔴 2020-2025 : Angeline Ndayishimiye yasanze Evariste Ndayishimiye ariwe mutegetsi w'akarorero mw'isi nzima ! Ibi biri mu butumwa Njelina Ndayishimiye yaraye ahaye umukuru w'igihugu, abicishije ku rubuga rwa X (Twitter). Ubutumwa yabwanditse mu gifaransa. Tubushize mu kirundi, yagize ati : "Kuri uyu wa 18 ruheshi 2025, umuryango wacu urakeje Umukuru w'igihugu c'Uburundi, Nyenicubahiro Général-Major Evariste Ndayishimiye, aho akwije imyaka itanu arongoye igihugu cacu c'Uburundi. Ivyo waranguye mu kuzana impinduka mu bisata bitandukanye vy'igihugu ni agakura, vyabaye icitegererezo ku Barundi bose. Turashima uburongozi bwanyu bw'akarorero n'ukuntu mwitangira igihugu cacu. Ntimuri akarorero mu Burundi gusa, ahubwo mwakabereye Afrika yose n'isi nzima. Kuri uyu musi w'intibagirwa, turabipfurije inguvu no kutadebukirwa, kugira mubandanye imbono yanyu y'Uburundi buteye imbere. Turabishimiye." 🔴 Njelina Ndayishimiye yoba avuga Uburundi tuzi canke avuga ivyahindutse mu rugo iwe ? Tugiye nko mu gisata c'ubutunzi gusa, umuhinga Dr. André Nukwigize aherutse gushira ahabona uko Uburundi bwari bwifashe igihe Prezida Nkurunziza yapfa muri 2020 n'uko bwifashe muri 2025 inyuma y'imyaka itanu ya Ndayishimiye. Muri 2020, umwimbu wose w'igihugu ugaburiwe abanyagihugu, umurundi wese yari kuronka amadorare 260. Muri 2025, yoronka amadorare 245. (PIB/Hab) Muri 2020, abafatwa ko aribo bakene banyuma mw'isi bangana na 65% y'abarundi bose, muri 2025 bangana na 75% y'abarundi. (Pauvreté extrême). Muri 2020, iguhengeri mu mafaranga Leta ikoresha (déficit budgétaire) cangana na 10,9 % c'umwimbu wose w'igihugu (PIB), muri 2025 ni 23,5%. Muri 2020 ideni ry'Uburundi ryangana na 64% y'umwimbu w'Uburundi (PIB), muri 2025 ni 74%. Muri 2020 iduga ry'ibiciro (inflation) ryari kuri 7,3 % ; muri 2025 riri kuri 40%. Ni ukuvuga urugero umusumyi w'umurundi yatakajeko ubushobozi bwo kugura ivyo akeneye. Muri 2020, Uburundi bwaronse imfashanyo zo kwiteza imbere zingana n'imiliyoni 480 z'amadolari, muri 2025 bwaronse imiliyoni 380 z'amadolari. Muri 2020 abanyamahanga bazanye imitahe ingana imiliyoni 25 z'amadolari, muri 2025 bazanye imiliyoni 24 z'amadolari. Ibi vyerekana ingene igihugu cagabanije kwizerwa. Muri 2020 idorari ryavunjwa 1915 Fbu (kw'isoko yari hafi 3000 Fbu) ; muri 2025 idorari rimwe rivunjwa 7500 Fbu. Muri 2020 Uburundi bwaba bubitse amafaranga yo kugura igitoro gikoreshwa ukwezi, muri 2025 Uburundi bubika amafaranga yogura igitoro c'imisi 18 gusa ! (Tubibutse ko no mu gihe c'intambara na embargo, Uburundi bwaba bubitse igitoro c'amezi ane). Muri 2020 cari igihugu kigira ica 165 mu kurya ibiturire (indice de corruption), muri 2025 ni igihugu ca 172 ku bihugu 180. Ku ntwaro ya Ndayishimiye, igiturire carimonogoje (twabaye mu bihugu 8 vya mbere mw'isi vyamunzwe n'igiturire). Aho ntituvuze ingene Abarundi bamaze imyaka 5 hari ivyankenerwa baronka bigoranye cane : igitoro, isukari, ifumbire, akayeri rimwe na rimwe, ... 🔴 Mu vya politike ho tuvuge iki ? Muri iki gisata Abarundi barumiwe. Intwaro y'umugambwe yariganje, uburenganzira bw'abarundi bwarahonyanzwe bikomeye, abaharanira agateka ka zina muntu nta kibanza bafise mu gihugu, amaradiyo hari ivyo kizira ko avuga, abantu baheza umunyororo bakaguma bapfunzwe, abarekuwe n'ubutungane baguma bapfunzwe, documentation (SNR) n'iperereza rya gisirikare vyarihaye ibara mu kunyuruza abantu bakaburwa irengero ryabo, umugambwe ugira kabiri ntiwarekuriwe kwitoza, ubusuma mu matora bwenyuje ku rugero rutigeze rubaho mu Burundi, imvugo y'akamaramaza mu kanwa k'umukuru w'igihugu, igurishwa ry'abasirikare b'Uburundi muri RDC aho bagiye nk'abacangero (mercenaires) ariko impembo ikaba iya Ndayishimiye, n'ibintu vyinshi. 🔴 Ariko Njelina Ndayishimiye ntarira busema... Nta wundi mukenyezi w'umukuru w'igihugu yari bwagire ububasha mu Burundi nka Angeline Ndayishimiye. Uyu ategeka Leta, ku buryo yagumye ahanganye n'abashikiranganji ba mbere, amatwi adusumira ubu ngo ashaka umushikiranganji wa mbere w'umukenyezi ngo niwe yomworohera kurusha Bunyoni na Ndirakobuca. Niwe mukenyezi w'umukuru w'igihugu yahawe ibiro na budget, niwe mukenyezi w'umukuru w'igihugu wa mbere yama mu mahanga, avugwa mu myambaro ya mbere izimvye (ku musi umwe arashoboye kwambara imiliyoni 200 z'amarundi), abana n'abaryango biwe barahawe ibisata vy'ubutunzi bigarurira, musazawe atazwi muri politike ahejeje gutorwa mu bashingamateka. Niwe mupfasoni w'umukuru w'igihugu ashobora gutanga amategeko mw'iperereza. Niwe wenyene yiswe INABURUNDI. Mu gihe umugabo wiwe yahayira abarundi ko afise ibigega vyuzuye amatoni y'ibifungurwa, nticabujije ko ategeka ko amafaranga yo gusuma (intendance) ku Kirimba c'umukuru w'igihugu arwizwa kabiri. Ubu basumisha imiliyoni zibiri ku musi ku musi. Amafaranga y'ingendo mu mahanga aguma yongerezwa. Njelina Ndayishimiye niwe mukenyezi w'umukuru w'igihugu yubahutse kujana mu rugendo muri Amerika abana bose, nyina na se, abo bavukana bose, baramukaziwe na baramuwe ! None ga yemwe, kuri we, hari wundi muprezida yosumba umugabo wiwe mw'isi nzima ?
😂 👍 👏 🙏 8

Comments