
FOCODE Magazine
June 19, 2025 at 03:15 PM
https://www.facebook.com/share/v/16ThroZiob/
🔴 Ubutumwa bwo gukenguruka.
Bagenzi,
Simfise amajambo nokoresha kugira ndabashimire ku butumwa mwaraye mumpaye, munkeza kw'isabukuru y'imyaka 49 y'amavuka yanje. Ubutumwa burenga ibihumbi n'ibihumbi bwaraciye hano ku rubuga, inbox, kuri WhatsApp no ku zindi mbuga. Kugeza ubu sindaheza kubusoma bwose. Mwaranteye intege, mwaranteye iteka. Imana ibampezagirire mwese. Numvise ndushe, ibitero vy'abanka ukuri bibaye vyinshi, nzohora nteramira ku butumwa bwanyu.
Hari uwundi we yashimye gushira mu muziki ubutumwa bwiwe. Nta zina ryiwe yampaye, akoresha urubuga rwa Facebook rutariko izina ryiwe, nta n'ifoto yiwe iriko. Yambwiye ko adashaka kumenyekana. Naho twohura sinomumenya. Uwo muziki yawundungikiye uko nyene n'amasanamu yawuhaye ni ivyiwe. Ivyo yavuzemwo womengo yabanje gusoma ubutumwa mwese mwanyandikiye. Mumfashe bagenzi kumushimira.
---------------
🔴 Tubandanye gushigikira Béatrice Nduwimana.
Ejo nari nasavye uwo wese yumva twosangira agacupa ku musi w'isabukuru yanje, ko yokampera umukenyezi agowe yitwa Béatrice Nduwimana. Ndabashimiye ko mwumvise ubutumwa, iyo twicara tukazinywa tuba twaraye tuborewe pe. Amafaranga yababa imiliyoni zibiri yaratanzwe mu masaha make cane. Hari n'abandi benshi banditse ko bazotanga mu misi iza. Abandi banansavye ko twongereza imisi yo gushigikira mushiki wacu.
Bagenzi twihe indwi zibiri zo kubohoza Béatrice Nduwimana. Béatrice ni umupfakazi w'imyaka 34. Umugabo yamusigiye utwana tubiri, nawe aca aratora agapfuvyi akongera mu biwe, baba babaye batatu. Béatrice yagonzwe n'ipikipiki muri myandagaro 2024, imusiga yataye ubwenge, yisanga mu bitaro Hôpital Baho vyo mu Kajaga (hafi ya Van Beach kwa Ndekatubane). Yavuwe ku miliyoni hafi 14 z'amarundi. Yarabuze ico ariha. Yitwa ko yasohowe ibitaro muri nyakanga 2024, ariko ubu amaze amezi icenda apfungiwe muri ivyo bitaro, amafaranga yahavuye aduga kugera ku miliyoni 17. Béatrice ntagira icepfo n'ica ruguru, ntagifise n'iyo azotaha. Abana yaragize Imana haraboneka imiryango ibiri iba irabagabanganye.
🔴 Uwokenera gufasha Béatrice Nduwimana yoca hehe ?
1. Lumicash ya Béatrice Nduwimana : 68246037 (yanditswe ku muvyeyi wiwe Nzeyimana Sylvestre).
2. Code agent Lumicash : 100384 (yanditswe kuri Jackson Baramburiye).
3. Ecocash ya Béatrice Nduwimana : 76487208 (yanditsweko kuri Béatrice Nduwimana).
Iyi nomero nyene irakora kuri Bancobu E-Noti.
4. Compte COOPEC : 57050 (yanditswe kuri Nduwimana Béatrice, agence Gatumba).
Abipfuza kuvugana n'uwutwara ibitaro Hôpital Baho mu ntumbero yo gufasha Béatrice Nduwimana, bonyandikira nkabaha WhatsApp yiwe.
Abari hanze vyogora ingene bafasha Béatrice Nduwimana bonyandikira kuri WhatsApp +32465651905.
Aborungika baciye kuri code agent, nabo nyene boza baramfotorera bakabindungikira kugira tubikurikirane neza, canke bagahamagara Béatrice Nduwimana.
🔴 Nuko bakunzi, muri izi ndwi zibiri twihaye, uko imisi itatu iheze, nzoza ndababwira aho tugejeje kumuterera.
Murakoze bavukanyi.
❤️
🙏
❤
💔
10