
FOCODE Magazine
June 20, 2025 at 05:37 AM
https://www.facebook.com/share/1YqWCLVc8z/
🔴 Lycée d'Excellence Musinzira : Musitanteri wa Busoni yaraye ananiwe gutegeka ko umuhungu wiwe ahabwa amanota atakoreye !
Ejo mu gatondo twari twabahaye inkuru y'ivyari bigiye kubera kuri Lycée d'Excellence Musinzira, aho abigisha bari batumweko ubugira gatatu kugira bige ku nguvu ikibazo c'umunyeshure yashaka guhabwa amanota yomutuma amenya atabikwiriye. Uwo munyeshure ngo yari gukorerwa ibitemewe n'amategeko, bivuye ku gitsure ca se, Musitanteri wa Komine Bugabira, Éric Twizerimana. Abigisha ba Lycée d'Excellence Musinzira bari badusavye gushira ahabona akamo kabo kugira gashikire umushikiranganji François Havyarimana.
Ubutumwa bwaraye bugize akamaro. Umwigisha umwe yatwandikiye ati :
"Gushima.
Inyuma y'amakuru twabahaye yo kuri Lycée d'Excellence de Musinzira. Mu gatondo ka kare twahashitse [dusanga] ubugenduzi bw'indero mu ntara no muri komine bwahashitse. Bamaze gusuzuma ivyo Jury de délibération ya mbere yafashe, basanze arivyo vyo. Umunyeshure wa Musitanteri w' i Bugabira ntiyashoboye guhabwa amanota yasabwa, yagumanye amanota 54 [mu gihe] hasabwa 57 kugira amenye. Mwarakoze, muzokwame mufasha."
🔴 Birahambaye ko abana bose bafatwa kumwe mu mashure, amategeko agakurikizwa, hatarabwe igihagararo c'abavyeyi. Abigisha batabaje barakoze. N'abategetsi babangutse barakoze. Umwana tumwipfurije kugira umwete, akiga nk'abandi, mu mwaka uza akaronka amanota meza. Bizomufasha muri kazoza kiwe, kurusha kumenyera kuronka ivyo atarekuriwe, ngo nuko se akomeye mu butegetsi.
https://www.facebook.com/100079152234998/posts/699443652704036/
👍
🙏
❤️
👌
👏
15