FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 20, 2025 at 12:48 PM
https://www.facebook.com/share/p/1LGc47wGoY/ 🔴 Igire amahoro Mutama Professeur Émile Mworoha ! Nkiri umwana, nuguguruye iradiyo, vyashika gute ngo amakuru arangire batavuzemwo "Nyakubahwa Émilie Mworoha". Ico gihe yari umunyamabanga mukuru w'umugambwe umwe rudende wari wemewe mu Burundi, UPRONA, akongera akaba Umukuru w'Inama Nshingamateka. Mu kiringo c'umyaka icenda, Émile Mworoha niwe yari umutegetsi agira kabiri mu Burundi (1978-1987). Kuva ngiye mu mashure yisumbuye, bibliothèque yose ninjiyemwo, nayisangamwo igitabo ca Émile Mworoha citwa "Peuples et rois de l'Afrique des Lacs". Ngeze muri Kaminuza y'Uburundi, nariboneye Émilie Mworoha ndatangara. Yari umuntu aciye bugufi cane. Umutama, ariko akomeye. Yasa n'abandi batama bacu ba ruguru, ntavyo kuvyibuha, nta n'ubwishime bw'abibaza ko bahambaye. Yatambuka anyaruka, ukamengo yama afise ahantu acerewe. Naragize amahirwe yo kwicarana nawe kuri Hôtel de l'Amitié i Bujumbura. Yavugana urupfasoni rwinshi, agakunda gutwenga. Muri FOCODE turamuzi. Yaraduteye iteka muri 2014, aratugendera igihe twaha agashimwe Mutama Antime Baranshakaje. Émile Mworoha twamwubaha nk'uwatanguye ubushikiranganji bw'imico kama. Yakoze vyinshi agitwara ubwo bushikiranganji, niwe yavyuye abaririmvyi bakomeye b'abarundi twakuze twumva. Émile Mworoha yarakoze mu mashirahamwe Mpuzamakungu akomeye i Bulaya, yarabaye imyaka myinshi mu Bufaransa.Ariko yari afise ukuntu yisangije avuga igifaransa. Hari inkuru yiwe bigeze kuntera. Ngo akiri icigera c'umukuru w'ihuriro ry'ibihugu vya Bulaya n'umurwi w'ibihugu bigize ACP (Afrique - Caraïbes - Pacifique) yoba yigeze kuvuga ijambo, hama umuzungu amaze umwanya amwumviriza, abaza mugenziwe bicaranye ati : "mbe uyu mwirabure ava hehe, ico gihugu ko numva bavuga ururimi rumeze nk'igifaransa ?" Uwo muzungu yibajije ko Mworoha ariko avuga mu rurimi kavukire rwiwe, mugabo akumva ivyavuga ariko arabitahura mu gifaransa ! Mworoha yari umuntu akunda cane Uburundi. Atanguye kuvuga ivyiza vy'iwabo muri komine Muruta mu ntara ya Kayanza, ubwo nyene ufise uburyo woca ufata imodoka ukaja gutembera muri Muruta. Yavuga ko yagenze ibihugu vyinshi cane mw'isi mugabo ko atigeze abona igihugu ciza nk'Uburundi ! Ikinyamakuru Iwacu cigeze kumubona ico azoshika abwira Imana umusi yahamagawe imbere yayo. Yishuye ati : "Nzoshika nkengurukira Imana ku vyiza bitagira uko bingana yampaye kuri ino si. Ariko nzonayisaba yamize imbabazi zayo ku bakiri kw'isi kuko buno buzima ntibwama bworoshe !" Professeur Émile Mworoha yaraye yitavye Imana, mu gihugu c'Ubufaransa aho yari yagiye kwivuriza. Ashengeye ku myaka 85. Incabwenge yo muri Mali, Amadou Hampâté Bâ (1901-1991), niwe yavuze ati : "muri Afrika, iyo umutama asandavye bisa nuko inzu y'ibitabo (bibliothèque) iba ihiye". Émile Mworoha yari bibliothèque koko. Duhomvye vyinshi mu rupfu rwiwe. Ariko anadusigiye vyinshi yanditse. Imana imuduhere uburuhukiro bwiza, Inaremeshe umuryango asize. --------------------- 🔴 Amashure n'amabanga vya Émile Mworoha Émile Mworoha yavutse mu 1940, ku mutumba wa Ramvya muri komine Muhuta, mu ntara ya Kayanza. Yize amashure mato (1949-1953) muri komine Gatara., abandaniriza kuri Ecole Moyenne Pédagogique y'i Musenyi (1954-1960), hanyuma Ecole Normale y'i Ngozi aho yahereye mu 1965. Yize École Normale Supérieure i Bujumbura kuva mu 1965 gushika mu 1968, ahabwa urupapuro rw'umutsindo rwo kwigisha histoire (kahise), géographie (indondabihugu) n'igifaransa mu mashure yisumbuye. Uwo mwaka nyene yaciye aja kwiga mu Bufaransa ibijanye na kahise, araheza aronka doctorat mu 1975. Émile Mworoha yarakoze amabanga menshi cane. Yarigishije amashure mato, yarigishije mu yisumbuye, yarigishije muri ENS (1975-1976), yarigishije imyaka myinshi muri Kaminuza y'Uburundi kugeza akukurutse muri 2012. Azwi kandi nk'umushakashatsi mu vya kahise, yari yubashwe mu Burundi no mu karere k'Afrika y'ubuseruko. Muri politike, Émilie Mworoha yarabaye umunyamabanga mukuru wa JRR, umushikiranganji w'urwaruka n'imico kama (1976-1978), umunyamabanga mukuru w'umugambwe UPRONA (1978-1987), Umukuru w'Inama Nshingamateka (1982-1987). Yarabaye mu murwi w'igihugu wize ikibazo c'ubumwe bw'abarundi (1988-1991). Yarasubiriye araba umushingamateka kuva mu 1998 gushika muri 2005. Ku rwego mpuzamakungu yarajejewe amabanga menshi, canecane mw'ishirahamwe ACCT ryabanjirije OIF yo muri kino gihe. Mu kiringo c'imyaka itanu (1982-1987) yari icegera c'umukuru w'ihuriro ry'ibihugu vya Bulaya be n'ibihugu vya Afrika-Caraibes-Pacifique (ACP-CEE).
👍 ❤️ 🖱️ 😂 😮 🙏 13

Comments