FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 20, 2025 at 07:47 PM
https://www.facebook.com/share/16wt7HKLEy/ #agafoto kariko karavugisha benshi ! Mu masengesho barimwo i Gitega yo kwigina imyaka itanu Prezida Ndayishimiye amaze ku butegetsi, umukenyezi wiwe, Angeline Ndayishimiye, yabonetse yabambaye isaha iciye hafi inusu y'umuliyaridi w'amafaranga y'amarundi. Ni agasaha gato ko mu bwoko bwa BULGARI Diva's dream. "Diva's dream" bisigura indoto y'utumana" ! Ako gasaha kagurwa 51.000 vy'amanyaburaya (Euros), ni ukuvuga 423.300.000 Fbu. Aho hari ku wa 19.6.2025. Umusi w'imbere yaho yari yambaye isaha yo mu bwoko bwa Rolex Day-Date 36mm, igurwa 45.000 y'amadolari vy'abanyamerika, ni ukuvuga hafi 350.000.000 Fbu. Mu misii ibiri gusa, ukuboko kwiwe kwambaye hafi 800.000.000 Fbu. Hagiyemwo impuzu, amasakoshi, ibidede... Umupfasoni w'umukuru w'igihugu yarambaye umuliyaridi n'igice mu misi ibiri gusa ! Impari ku mbuga ngurukanabumenyi... Bamwe bati ni akamaramaza kubona umupfasoni w'umukuru w'igihugu kitagira igitoro, kitagira isukari, kitagira ifumbire, kitagira imiti ikwiye, kibuze amafaranga mvamakungu, yiha kuja kurondera imyambaro yambere izimvye mu mahanga. Babona ko ari ukwonona ubutunzi bw'Uburundi na rirya Umukuru w'igihugu n'umupfasoni wiwe bambikwa n'igihugu. Abandi bati ivyo ntibituraba. Bati nta n'umwe akwiye kuraba uko umugabo yambika umukenyezi wiwe. Bati abariko baravuga bavugishwa n'inzigo gusa. Mu mateka y'isi, hari abakenyezi b'abami n'abakuru b'ibihugu baranzwe n'iyo ngeso yo gukunda ibintu bizimvye cane kandi ibihugu vyabo bikenye. Akarorero benshi bazi ni umwamikazi Marie-Antoinette w'Ubufaransa yahavuye akwegera umugabo yishwe aciwe umutwe. Mu myaka ya za 1980, uwitwa Imelda Marcos yari yaranyomoje mu gukunda ibizimvye, vyarangiye akwegeye Prezida Ferdinand Marcos wa Philippine. Muri Tunisia, Leïla Ben Ali nawe vyagenze gushika Prezida Ben Ali atembagajwe muri 2011. Muri Zimbabwe Grâce Mugabe yaramamaye kugeza aho abanyagihugu bamutazira Grace Gucci, vyarangiye umugabo wiwe Prezida Gabriel Robert Mugabe atembagajwe muri 2017. Mu Burundi nta mupfasoni w'umukuru w'igihugu yari bwigere agira izi nyifato za Njelina Ndayishimiye. Niwe muntu n'abanywanyi ba CNDD-FDD bigora kunyegeza ko babajwe n'ivyo akora. Aho ni mu gihe we yivugira ku muri iyi myaka itanu iheze Prezida Ndayishimiye yabaye Umukuru w'igihugu w'akarorero mw'isi nzima !
😮 😂 😢 🙏 😏 😭 🤭 🫤 13

Comments