
FOCODE Magazine
June 21, 2025 at 06:49 AM
https://www.facebook.com/share/v/18wjzZ2PaF/
🔴 #amatora Bwa busuma bwose bwo ku wa 05.6.2025 Prezida Ndayishimiye abwambitse Imana !
Prezida Ndayishimiye yaraye yemeje ibintu bibiri bikomeye.
🔴 Ndayishimiye yemeza ko ivyabaye mu matora yo ku wa 05.6.2025 vyakozwe n'Imana kugira ishitse isezerano ryayo kuri Varisito Ndayishimiye !
Mugenzi, nimba warabonye amasandugu yuzuye amakarata y'itora hataranagera amasaha y'itora isaha, ku bwa Ndayishimiye birya ngo ni igikorwa c'Imana.
Nimba baguhaye ikarata bamaze kuvivura, ku bwa Ndayishimiye ngo birya ni igikorwa c'Imana.
Nimba Imbonerakure yaragusanze mu kazu k'ubwiherero (isoloir) ikagutegeka aho utora, ku bwa Ndayishimiye birya ngo ni ibikorwa vy'Imana !
Nimba warabonye Imbonerakure zija gutora zisubiriza, ku bwa Ndayishimiye birya ngo ni ibikorwa vy'Imana !
Nimba warabonye baharura amajwi, ahari uwundi mugambwe bagasoma CNDD-FDD, ku bwa Ndayishimiye birya ngo ni ibikorwa vy'Imana !
Umuntu asigara yibaza iyi "mana" bano bantu basenga. Iyi "mana" ikorera mu busuma, mu kinyoma n'ubujanja ni iyihe ?
🔴 Ndayishimiye avuga ko Abarundi bose basigaye ari aba CNDD-FDD !
Prezida Ndayishimiye yaraye yemeje ko ata batavuga rumwe na Leta bakibaho mu Burundi. Abarundi bose ngo basigaye ari aba CNDD-FDD.
Twizere none ko abapfungiwe politike bose bagiye gupfungurwa ? Ko bahora bapfungiwe gutemera no gushaka gutembagaza intwaro, ubu ko babaye aba CNDD-FDD hoba hakiriho impamvu yo kubapfunga ?
Aba CNL bose boba bagiye gupfungurwa?
Abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Nkurunziza boba bagiye gupfungurwa?
Impunzi zose zoba zigiye gutaha ?
Twizere ko ata Murundi n'umwe agisubira kwitwa umwansi w'igihugu ? Vyoba bivuye hehe kandi ubu twese twitwa aba CNDD-FDD ?
🔴 Nuko barabeshera Imana izuba riva, bakubitako Alléluia, bakibaza ko Imana itumva... Handitswe ngo : "ivyo urabikora nkakwirekera, ukibaza ko mpwanye nawe..." (Zaburi 50:21).
👍
😮
🙏
😢
👏
😏
😞
😭
🫢
🫣
19