FOCODE Magazine
FOCODE Magazine
June 21, 2025 at 07:58 PM
https://www.facebook.com/share/19KufaGNRt/ 🔴 Koko Imana niyo yivye #amatora kugira Abarundi bose babe aba CNDD-FDD ? Inyuma y'amatora yo ku wa 05.6.2025, abategetsi b'Uburundi baguma bakurakuranwa mu mvugo zitangaje. Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD, Reveriyano Ndikuriyo, yatangaje ibizova mu matora ku wa 09.6.2025 imbere y'uko CENI ishira ahabona ibiharuro vy'amatora. Imvugo itangaje yo gufata igisagara ca Bujumbura, intara ya Bururi n'ibindi vyinshi vyemeza ko CNDD-FDD igiye kwisangiza ubutegetsi. Umushikiranganji Martin Niteretse yagabishije abitoje, ku wa 11.6.2025, ko uwuzosubira kugira ico avuze ku vyavuye mu matora azofatwa ko ariko agwanya ubwigenge bw'Uburundi. Umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca, ku wa 13.6.2025, yatangaje ko kuba CNDD-FDD igiye kwiganzira inzego z'igihugu bidasigura ko Uburundi bwinjiye mu mugambwe umwe. Prezida Ndayishimiye we, ku wa 19.6.2025, yatangaje ko kuva ubu ata "opposition" ikibaho mu Burundi, ahubwo ko Abarundi bose batoye kuja inyuma ya CNDD-FDD. Ivyavuye mu matora yavyise isezerano ry'Imana ryo kwunga Abarundi bose inyuma ya Varisito Ndayishimiye ! Abasenyeri ba Ekleziya Katolika bashize ahabona ubusuma bwaranze amatora, Prezida Ndayishimiye yabishuye, ku wa 14.6.2025, ko na Papa bamutora biyugaranye ! Izi mvugo zisigura iki ? Zoba zinyegeje iki ? Kazoza ka politike y'Uburundi kagiye kumera gute ? Birakenewe kuzokora amatora ya 2027 mu gihe Umukuru w'igihugu yemeza ko yatowe n'Imana akanayishirako ubusuma buyakorerwamwo ? 🔴 TUBIGANIREKO Ejo ku mugoroba, igenekerezo rya 22.6.2025, FOCODE yabateguriye ikiganiro (mu buryo bwa SPACE) kuri ico kibazo. Abatumire ni batatu : 1. Umumenyeshamakuru Innocent Muhozi, umuyobozi wa Radio-Televiziyo Renaissance ; 2. Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM ; 3. Pacifique Nininahazwe, arongoye FOCODE. Ikiganiro kizoremeshwa n'abamenyeshamakuru Gilbert Niyonkuru na Alice Hakizimana. 🔴 Kizotangura isaha icumi na zibiri z'umugoroba (18h) ku masaha y'Uburundi. Muzogikurikirana ikibiriraho ku mbuga Twitter (X) na Facebook za FOCODE. Abavyipfuza bazobaza ibibazo bongere baterere ivyiyumviro. Turabahaye ikaze. Kuri Twitter ikiganiro kizoca kuri iyo link : https://x.com/FOCODE_/status/1935769311228182783?s=19
👍 6

Comments