Iris News
Iris News
June 4, 2025 at 10:35 AM
🚨 VYIHUTA - Abatatoye ikarata z'itora ariko bakaba bafise udupapuro bahawe biyandikisha, 'récépissé', baremerewe kuzotora ejo 🎙️ Bihejeje gushikirizwa na Prosper Ntahorwamiye, arongoye Umugwi w'igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora - CENI Ni mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ariko araremesha kuri uyu wa gatatu itatiki 04/06/2025 ku cicaro gikuru ca CENI i Bujumbura, mu gihe hasigaye amasaha make ngo abarundi bitabire amatora y'abashingamateka n'ayabajenama b'amakomine ategekanijwe itariki 05/06/2025. ➡️ Ibisa nk'ivyo Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yari yabigarutseko kuri uyu wa wa kabiri mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru avuga ivyaranze ikiringo c'imyiyamamazo camaze imisi 21. 💳 Martin Niteretse yavuze ko mu burere bumwe bumwe hariho ivyibonekeje nko kuzimangana kw'amakarata y'itora. Aha Umushikiranganji w'intwaro yo hagati mu gihugu yijeje ko umuntu afise karya gakaratasi bamuhaye yiyandikisha ngo azotore, azogatondana ku biro vy'itora hanyuma bamusuzume ko koko yari mu rutonde rw'abitoza. Ngo basanze ari muri 'liste d'émargement', ntakibuza ko azohabwa uburenganzira bwo gutora, mbere banashireko ikidodo kw'ako gakaratasi ko "Yatoye". Umushikiranganji Niteretse ati : "Hanyuma uwo wundi yayivye, azoce ayizana, nyeneyo yahejeje gutora...tuzoca tumenya uko duca tubigenza." #amatora2025 #irisnews
Image from Iris News: 🚨 VYIHUTA - Abatatoye ikarata z'itora ariko bakaba bafise udupapuro b...
👍 2

Comments