
URUGENDO NEWS
June 6, 2025 at 09:05 AM
MUGIHE VYAGARAGAYE KO AMATORAYARANZWE N'AMANYANGA 100% ✅ Urunani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike (IHURIRO) rurashima uko ibikorwa vy'#amatora2025 vyaraye bigenze
📑 Rubicishije mw'itangazo ry'uwururongoye Hakizimana Gérard, rumenyesha ko rugiye gutangaza icegeranyo kivuga ido n’ido ry’ingene amatora yagenze, igihe Umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) uzoba wamaze gushikiriza ibiharuro vyavuye muri ayo matora
📌 Urwo runani rukaba rwari rwarungitse hagati mu gihugu indorerezi zirenga 200 zivuye mu mashirahamwe 20 arugize, aho mu vyegeranyo batanze bemeza ko gushika ubu amatora yabaye mu mahoro, umutekano no ku mugaragaro
🙌🏾 Urwo runani rukabandanya rumenyesha ko, mu kurindira ibiharuro bizoba vyavuye mu matora ko bishikirizwa, ruhamagariye imigambwe itandukanye kwizera umugwi ujejwe gutunganya amatora ku rwego rw’igihugu

😂
1