
🇧🇮VOIX DU PATRIOT🇧🇮
June 6, 2025 at 10:36 PM
🗳️🇷🇺 Umugwi w'abarorerezi b'Abarusiya mu matora ya 2025 mu Burundi bati: "Amatora yabaye mu muco, yubahirije ubwigenge n'uburenganzira bw'abatora n'abitoza"
Uwurongoye uwo mugwi Alexey Chepa yavuze ko amatora yabaye mu mwidegemvyo no mu muco, bisigura ko yubahirije ubwigenge n'uburenganzira ku bitoza n'abatora.
Yabishikirije mu kiganiro yahaye urunani rw'ibimenyeshamakuru kuri uyu wa 6 Ruheshi 2025.
Kubwa Alexey Chepa, amatora yarubahirije ibwirizwa shingiro ry'Uburundi n'itegeko rigenga amatora. Abakwije ibisabwa n'amategeko bose baratoye. Ibikenewe vyose kugira amatora agende neza vyari bitegekanijwe. Inzego z'igihugu zakoranye neza n'abarorerezi b'amatora batandukanye.
🤝 Yarangije amenyesha ko amatora yisunze amategeko mpuzamakungu mu bijanye n'intwaro ya demokarasi. Yaboneyeho no gukeza umugwi w'igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora CENI kuri ico gikorwa c'iteka, yongera yipfuriza Abarundi kuroranirwa.
#burundi #synergiedesmedias #amatora2025
Umurusiya nawenyene yaravivuye ko amatora yubahirijwe amategeko

❤️
🇧🇮
2